Uwitwa Adolf Hitler yatowe mu nama mpanuzwajambo muri Namibia

Uunona Adolf Hitler

Ahavuye isanamu, Uunona Adolf Hitler

Ikinyamakuru co mu Budagi, Bild, kimaze igihe candika ku mugabo yitwa Adolf Hitler Uunona yatowe nk'umujenama mu nama mpanuzwajambo y'akarere ko muri Namibia ku giti c'umugambwe Swapo uri ku butegetsi muri ico gihugu.

Uyu munyapolitike - mu bisanzwe izina ryiwe akaba ari Adolf Uunona - yaronse amajwi angana n'ibice 85% mu matora yabaye mu kwezi guheze mu gisagara ca Ompundja kiri mu buraruko bw'iki gihugu.

Tambuka Twitter ubutumwa, 1
Uremeye ibiri kuri Twitter?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Twitter. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Twitter amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Impera ya Twitter ubutumwa, 1

Namibia yahoze itwarwa n'abakoloni b'Abadagi kandi gushika ubu mu bice bimwe bimwe haracari ho ivyibutso vy'ico gihe.

Hasanzwe mbere hariho n'inkehwa zivuga ururimi rw'ikidagi.

Ku rutonde rw'abitoza, izina Hitler ryasubirijwe n'urudome H rutangura.

Hitler

Ahavuye isanamu, ECN

Ariko ku rukaratasi ruriko ivyavuye mu matora handikwa izina ryose.

Hitler

Ahavuye isanamu, ECN

Uunona yabwiye ikinyamakuru Bild ati: "Dawe niwe yanyitiriye izina ry'uyu mugabo. Kumbure ashobora kuba atari azi ico iri zina Adolf Hitler ryasigura".

"Kuri jewe nk'umwana, ryari izina risanzwe. Maze gukura, niho nagiye gutahura y'uko uyu mugabo yari yashatse kwigarurira isi yose".

"Jewe nta ruhara na rumwe mfise muri ibi bintu".

Intwaro ya gikoloni muri Namibia - intwaro yagiye kuvaho inyuma y'intambara ya mbere y'isi yose n'imbere y'uko Hitler ashikira ubutegetsi - iribukirwa ku mahano atagira izina abanyagihugu babonye ico gihe.

Hagati ya 1904 na 1908, ingabo z'abakoloni b'Abadagi baragandaguye ibice 80% vy'abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Nama n'aba Herero muri Namibia, ico muri kino gihe abahinga muri kahise bita "ihonyabwoko ryibagiwe".